```Munyemerere mbasangize utu tuntu kuko nizeye ko Hari ico mwohungukira muburyo bwo kwiga
1. Umuhanga mu kwambara : YAMBIKA URURIMI
2. UMUHANGA MU KUBANA : yirinda kubangamira abandi
3. Umuhanga mu kugenda : AGENDA ADAHEMUKA
4. UMUHANGA MU KUBIKA : abika amabanga
5. UMUHANGA MU KUBAKA : YUBAKA ICIZERE
6. UMUHANGA MU GUTEGEKA : ATEGEKA UMUBIRI WIWE
7. UMUHANGA MU KUGOROROKa : AGOROROKERA KU MAFARANGA
8. UMUHANGA MU MUMIGAMBI: ATEGURA IHEREZO RYIWE
9. UMUHANGA MU GUKORESHA : YUBAHA UMUKOZI WIWE
10. UMUHANGA MU MUGUCUNGERA: ACUNGERA IVY’ABANDI NK’IVYIWE
11. UMUHANGA MU GUHARURA: AHARURA AMAJAMBO AVUGA
12. UMUHANGA MU KUVURA : AVURA URWANKO
13. UMUHANGA MU GUSENGA : ASENGERA IHEREZO RYIWE
14. UMUHANGA MU isuku: ASUKURa UMUTIMA WIWE
15. UMUHANGA MU KWIGA: YIGA KUBANA N’ABANDI
16. UMUHANGA MU KWIRINDA: *_YIRINDA UMUGAYO_*
17. UMUHANGA MU KUVUGA: AVUGA IVYO ASHOBORA GUSUBIRA MWO
18. UMUHANGA MU KUMVA: YUMVIRA UWUMUYORONGORA
19. UMUHANGA MU KWIGISHA: YIGISHA ABANTU KUBAHANA
20. UMUHANGA MU KURYA: ARYA AZIGANIRIZA EJO HAZOZA
21. UMUHANGA MU KWEMERA: YEMERA INTEGE NKE ZIWE
22. UMUHANGA MU BUSHAKASHATSI: ASHAKISHA AMAHORO
23. UMUHANGA MU KWIZERA: YIZERA IMANA
24. UMUHANGA MU GUKUNDA: AKUNDA KUBABARIRA
25. UMUHANGA MU KWIHANGANA: YIHANGANIRA INZARA
26. UMUHANGA MU KWIYUMVIRA YIYUMVIRA IBIZOBA EJO
27. UMUHANGA MU KAZI: AMENYA KO N’ABANDI BAGAKORA
28. UMUHANGA MU GUCURUZA: AMENYA KO ATUNZWE N’ABAGUZI
29. UMUHANGA MU KUBAHA: YUBAHIRIZA IGIHE
30. UMUHANGA MU KUYOBORA: AGIRA INTUMBERO
31. UMUHANGA MU KWIMENYEKANISHA: YIMENYEKANISHA KUYAMUREMYE
32. UMUHANGA MU BUTUNZI: ANYURWA N’IVYO AFISE
33 UMUTI W’ubutindi ni ukwanka guhemuka```
Ncuti namwe bagenzi munywe uyumuti urakiza.